La Chorale les Séraphins

Action de grâce

Jewe Nzohaguruka

 

R/ Jewe nzohaguruka maze ndirimbe, ndirimbir’Imana (2x)

Ntambe, ntambe niyereke, ndayiririmbe rirenge.

Ndayiyage kukw’ihambaye,

Ntayindi Mana ihwanye nayo.

 

1/ Mukama nzama ndakuririmba iminsi yose y’ubuzima bwanje

Nzama nshimagiz’izina ryawe kukw’atawund’ahwanye nawe Mana

 

Kukw’ivyiza wam’undonsa Mana ni vyinshi cane ntako nobivuga

Kukw’iteka wanteye Mana risumb’ayandi mateka yose

R/

 

2/ Nzaama mpimbaz’Imana yanje nshemez’izina ryayo rudasumbwa,

N’ibiremwa vyose yiremeye ntibizotangwa kuyishimagiza

 

Majuru musamiriz’impundu abana bayo bayiririmbire

Inyamaswa ziyitambir’ibiyag’imisozi vyiyereke.

R/

 

3/ Umutima wanje uzam’ushima Imana yanje iminsi yose,

Igihe cose nzoba nkiriho sinzatinya kuyishingir’intahe,

 

Umutima wanje ntuzoreka gushim’ubwiza n’ubuntu bw’Imana

Ururimi rwanje ruzama ruyag’ishimwe ry’Imana yanje.

R/

 

*******************************************

 

Mungu ni mwema

R/ Mungu/ Ni mwema

Mungu uyu / Ni mwema

Mungu uyu / Ni mwema

 

Ni mwema sana  Ni mwema

 

1/ Bwana wa watoto/ Ni mwema

Bwana wa wamama/ Ni mwema

Bwana wa wababa/ Ni mwema

 

Ni mwema sana ni mwema

 

2/ Bwana wa wagonjwa/ Ni mwema

Bwana wa wazazi/ Ni mwema

Bwana wa wazee/ Ni mwema

 

Ni mwema sana ni mwema

 

3/ Bwana wa chorale/ Ni mwema

Bwana wa Burundi / Ni mwema

Bwana wa Canada/ Ni mwema

*****************************

 

Ur’Imana yo gushimagiza

 

 

1/ -Ewe Mana waremye vyose,…

-Ur’Imana nyen’ikigongwe,…

-Ur’Imana y’ubwiza bwose,…

-Niw’ukwiye guhabw’impundu,…

 

R/ Mana, shimagizwa, Mana tukwigine, ibiremwa nibikuyage, isi yose itayaye, abamalaika baririmbe, abaserafini bacurarange, aberanda batugumirize, tukuninahaze tuguh’impundu

 

Ur’imana yo gushimagiza

 

2/- Ewe Mana waremye vyose,…

-           Waduhay’ikinege cawe, …

-           Ngw’aze kw’isi kubana natwe,…

-           Ngw’abonereho no kuturokora,…

 

3/- Abavyeyi bakuririmbe,...

-           Ibibondo biguh’impundu,…

-           Ekleziya ikwishikaneko,…

-           Eka twese tukuninahaze, …

 

4/- Turashimy’ikigongwe cawe,…

-           Turashimy’urukundo rwawe,…

-           Nyen’ubwiza bw’agatangaza,…

-           Tugusenge urabikwiye,…

 

*********************************************************

 

Yezu wanjye…

R/ Yezu wanjye, nzahora mkuririmbira

Mpanik’amajwi, ncinye nMakadiho

Nsimbuke nc’umugara

Abagabo bivuge, ababyeyi baguh’ impundu.

 

Ni we buzima bwanjye

Ni we mahoro yanjye

 

1/ Tabara abababaye, n’abari mukaga

Bagusange bose, bahaz’amahoro yawe

 

2/ Ndagusab’ubwenge, ndetse n’ubushishozi

Ibyo nkora byose, ni wowe mbiragije

 

3/ Reb’uburundi bwawe, bwuzuy’amatiku

Ndetse n’uburara, ni wowe mbiragije

 

4/ Yezu mwami mwiza, mwami w’amahoro

Reb’intama zawe, zize zigusanga.

 



05/12/2011
0 Poster un commentaire

Inscrivez-vous au blog

Soyez prévenu par email des prochaines mises à jour

Rejoignez les 11 autres membres