Paques 2011
ENTRÉE
Yazutse mubapfuye
R/ Yazutse mu bapfuye, Umukama ntakiri mu mva
Yazutse mu bapfuye turirimbe Alléluia
1. Ubu kw’ isi yōse nakanyamuneza
Kubera intsinzi ya Pasika
Abakristu bōse barahimbawe
R/…………
2. Mu makungu yōs’ impundu zirayaga
Kubera intsinzi ya Pasika
N’ abamalayiika baravuza inzamba
Kubera intsinzi ya Pasika,
R/………..
3. Abatumwa b’Ūmukama ni mutambe
Kubera intsinzi ya Pasika
Abakund’ Imāna nimuter’ impundu
Kubera intsinzi ya Pasika
R/…………
4. Umuc’ urasāgiriy’ abantu bose
Kubera intsinzi ya Pasika
Vuz’ ingoma yēmwe tuvyine amayaya
Kubera intsinzi ya Pasika
R/………..
KYRIE
Utubabarire
Mana Data, utubabarire (2x)
Utubabarire,eh eh eh (3x
(Kristu), Kristu wacu, utubabarire
Utubabarire, eh eh eh(3x)
Mana Data, utubabarire
Utubabarire,eh eh eh (3x)
*********************************
GLORIA
Gloria Imana ininahazwe.
R/ Gloria, Gloria, Gloria
Iman’ininahazwe,’kw’isi haz’amahoro kubantu bakund’imana.
1/ Turaguhaya, turakuyaga
Turagusenga, tukuninahaza
Turakenguruts’ubu n’imyaka yose
2/Mucunguzi ninde,n’umwana w’Imana
Yatuzaniy’iki, yazany’amahoro
N’ubuzima buki, bw’imyaka yose
3/Mutima Mweranda, nawe n’umuhoza
Yatuzaniy’iki, yazany’amahoro
N’ubuzima buki, bw’imyaka yose
4/ Kristu Mukama, umwana w’Imana
Turakwituyeko, Udushigikir’
Ubu n’imyaka yose
MÉDITATION (1)
Ntakikunanira Yezu we.
Abansi ba Yezu Kristu, Alleluia
Bari bagize ngo napfe, Alleluia
R/ Ntakikunanira Yezu we, Yezu we
Unesh’urupfu
Ngo ahora atuk’Imana, Alleluia
Yigira nk’umwana wiwe, Alleluia
R/…
Barafata barabamba, Alleluia
Baramwica bamuvuma, Alleluia
R/…
Yarapfuye barahamba, Alleluia
Ngo barakuy’ikinyoma, Alleluia
R/…
Nah’apfuye bamutinya, Alleluia
Ngo kumbure yogaruka, Alleluia
R/…
MÉDITATION (2)
Glory, Glory Alléluia
R/Glory, Glory Alleluia ! Glory, Glory Alleluia !
Glory, Glory Alleluia :Jésus-Christ est vivant
1.Voici que le jour se lève au bout de la longue nuit,
La vie fleurit sur la tombe que la haine avait creusée,
L’Esprit Saint nous met en marche pour aller dire aux amis :
Il est ressuscité !
2.Ce Jésus qui, sur nos routes, passait en faisant le bien,
Ouvrant son cœur aux détresses, accueillant les rejetés ;
Il est mort sous la torture, mais nous en sommes témoins :
Il est ressuscité !
3.Celui qui fut, par ses gestes, par ses paroles et sa vie,
Le visage et la présence de son père bien-aimé,
Dieu l’a fait Seigneur du monde. A sa droite Il est assis.
Il est ressuscité !
4. Il devient la clé de voûte sur laquelle tout s’appuie.
Alors qu’Il était la pierre que les hommes ont rejetée,
Il nous fait pierres vivantes de son royaume de vie.
Il est ressuscité !
ACCLAMATION
1 Kristu yatsinze urupfu,
Kristu ni muzima,
Kristu yinjiye mu mva atabarukan'jsheja ashoreye imbohe zose
R/ Alle, Alle
Alleluia, Alleluia, Alleluia, Alleluiaaa
Alleluia, Alleluia, Alleluia, Alleluia
2. Kristu amaze gutanga
Shetani yakubise agatwenge
Yibwira koo Yez' atazongera kwamamaz' inkurunziza
R/
3. Dukund' umwana w’ Imana
Dukunde nyir’ ibitsindo
Dukunde uw' indushyi zihora Ziririmba kuko yazicunguye
R/
CREDO
Ndemeye.
R/ Ndemeye, Mukama, Ndemeye
Nyongererez’ukwemera kwanje
(Bis)
1. Ndemeye Mana Data : Ndemeye
Yaremy’ijuru n’isi : Ndemeye
Ndemeye Yezu Kristu : Ndemeye
Wekinege ca Data : Ndemeye
2. Ndemeye na Mutima : Ndemeye
Mweranda w’Imana : Ndemeye
Ndemeye n’Ekleziya : Ndemeye
Katolika nyeranda : Ndemeye
3.Ndemeye ibatisim’imwe : Ndemeye
Itugira bashasha : Ndemeye
Ndemeye n’isangira
Ry’aberanda bose : Ndemeye
4. Ndemeye n’ikigongwe, Ndemeye
Kigirigw’abacumuzi, Ndemeye
Ndemeye n’ubuzima : Ndemeye Buzokurira, Ndemeye
INTENTIONS
Turasireko
Turasirek’umuco w’imbabazi zawe
Turagusavye mukama twumvire
OFFERTOIRE
Kunda Mukama…
Nta shimwe tworonka rikubereye (2x)
Kukw’ivyiz’uturonsa ni vyinshi.
Kunda Mukama Mana utwakire (2X)
Wakire n’agashikanwa twaronse.
1/ Uyu mukate Mukama, tuguhaye
N’uyu muvinyu Mana n’uwakire
2/ Aba bavyeyi Mukama, tuguhaye
N’ibi bibondo Mana n’uvyakire
3/Aba bagwaye Mukama, tuguhaye
N’aba bagowe Mana n’ubakire
4/ Ubu Burundi Mukama, tuguhaye
N’iyisi yose Mana n’uyakire
SANCTUS
R/ Yo mosantu, yo monsantu, mosantu eee, mosantu (2x)
1. Banzelu bakoyemba, Mosantu
(2x) +R/
2) Basantu bakoyemba, mosantu
(2x) +R/
Bisso na mokili tokoyemba, hosanna eee, olikolo! (2x)
R/Oh Hosanna, oh Hosanna, hosanna eee, olikolo (2x)
ANAMNESE
H : Ne vous laissez pas tromper, par les rois des temps obscurs, vous avez reçu le sauveur, c’est Jésus Christ.
F : Il a été crucifié, mais il est ressuscité, le premier né d’entre les morts, c’est Jésus Christ
Tous : Oui, il est vivant le Seigneur, le Seigneur, oui il est vivant Jésus Christ.
Il était mort pour nos péchés, maintenant, nous sommes sauvés.
COMMUNION
I. Muze turirimbir’Imana yacu
R/ Muze turirimbir’Imana yacu, tuyigine kuko yaducunguye,
Yatanz’umwana wayo ngw’adupfire, non’ubu yazutse, Alleluia
1/ Bari baramubamvye, Alleluia
Arapfa barahamba, Alleluia
None yazutse
R/
2/ Barungits’abarinzi, Alleluia
Bacung’imva ya Yezu, Alleluia
Bib’ivy’ubusa
R/
3/ N’umwam’asumba bose, Alleluia
Kuko yatsinz’urupfu, Alleluia
Ooooh, yazutse
R/
4/ N’umukiz’adukunda, Alleluia
Yadupfiriye twese, Alleluia
Ooooh yazutse
R/
5/ Imvyino be n’intambo, Alleluia
Mw’ijuru be no kw’isi, Alleluia
Kuko yazutse
R/
6/ Dukom’amashi twese, Alleluia
Dushengerer’umwami, Alleluia
Kuko yazutse
R/
II. Umukama Yezu yatsinze urupfu
1.Umukama Yezu yatsinze urupfu (H : Ni muzima)
Yatsinze abamenja, ni tumuhaye
Bari bamubamvye bishimiriza
Bati yemwe bane ntakigaruka
R/ Alleluia ni tunezerwe Yezu yarazutse
Alleluia muze tunezerwe
2. Abagore beza bavyutse kare (H: Bazindutse)
Batwaye utumoga mu dukarabo
Bakagir’ ubwoba bakabazanya
Bati mbega ni nde atwugururira
R/………….
3. Bapfayo kugenda mu kwizigira (H : bashitseyo)
Bashitse basanga umumaliyika
Yicaye iruhande ya ca kibuye
Baca baratinya bigirinyuma
R/………….
4. Wa mumalayika abahumuriza (H : avuga ati)
Ati mwa bagore murondera nde
Murondera Yezu yahambwe hano
Yezu yarazutse Alleluia
ACTION DE GRACE
I. Sanganira intsinzi y’Umukama
1. Kristu yazutse tumwigine/ Sanganir’intinzi y’umukama
Ni muzima tunezerwe / Sanganira intsinzi y’Umukama.
R/Alleluya, yazuts’Alleluya, Alleluya,
Alleluya, Alleluya, Alleluya !
2. Yari yabambwe n’abans / Sanganira intsinzi y’Umukama.
Bamubamvye ku musaraba / Sanganira intsinzi y’Umukama
3. Yezu yiyeretse ab’iwe : Sanganira intsinzi y’Umukama.
Ni Nyen’intsinzi n’inganji : Sanganira intsinzi y’Umukama
4. Ati nimugire amahoro : Sanganira intsinzi y’Umukama.
Ntimutinye natsinze urupfu : Sanganira intsinzi y’Umukama
5. Nyen’ingoma, Nyen’ubuzima : Sanganira intsinzi y’Umukama Nyen’inganji, Nyen’amahoro: « Sanganira intsinzi y’Umukama
6. Watsinze abansi n’urupfu : Sanganira intsinzi y’Umukama.
Ganza, sabwa turakwemeye : Sanganira intsinzi y’Umukama
*******************************
II. Nzohaguruka ndirimbe.
R/ Jewe nzohaguruka maze ndirimbe, ndirimbir’Imana (2x)
Ntambe, ntambe niyereke, ndayiririmbe rirenge.
Ndayiyage kukw’ihambaye,
Ntayindi Mana ihwanye nayo.
1. Mukama nzama ndakuririmba iminsi yose y’ubuzima bwanje
Nzama nshimagiz’izina ryawe kukw’atawund’ahwanye nawe Mana
Kukw’ivyiza wam’undonsa Mana ni vyinshi cane ntako nobivuga
Kukw’iteka wanteye Mana risumb’ayandi mateka yose
2. Nzama mpimbaz’Imana yanje nshemez’izina ryayo rudasumbwa,
N’ibiremwa vyose yiremeye ntibizotangwa kuyishimagiza
Majuru musamiriz’impundu abana bayo bayiririmbire
Inyamaswa ziyitambir’ibiyag’imisozi vyiyereke.
3. Umutima wanje uzam’ushima Imana yanje iminsi yose,
Igihe cose nzoba nkiriho sinzatinya kuyishingir’intahe,
Umutima wanje ntuzoreka gushim’ubwiza n’ubuntu bw’Imana
Ururimi rwanje ruzama ruyag’ishimwe ry’Imana yanje.
SORTIE
Ng’iz’impundu, Mariya
- Akir’impundu, Muvyeyi Bikira Mariya,
Akir’impundu z’abana bawe,
Mwamikazi w’ijuru n’isi, turagushemeza (2x)
R/ Hu-hu-hu-hu-hu Huuu… (4x)
Ngiz’impundu, Mariyaaa (4x), (Nyina wa Jambo).
2.Uragasangw’iteka, Muvyeyi Bikira Mariya,
Uragasangw’iteka watewe n’Imana.
Mwamikazi w’ijuru n’isi, turagushemeza. (2x)
3.Aberanda bose, Muvyeyi, baratamarirwa.
Abamalayika bama bakuririmba,
Kubera iryo kuzo watewe n’Imana. (2x)
4.Nkundira ndagusabe, Muvyeyi Bikira Mariya,
Nkundira ndagusabe watowe n’Imana,
Mwamikazi w’ijuru n’isi, turagushemeza. (2x)
5.Mpangaza, Muvyeyi, ubu nkiri hano kw’isi,
Nkingira se Mawe wa mwansi shetani,
Mwamikazi w’ijuru n’isi, turagushemeza. (2x)
6.Mbogora, Muvyeyi, aho nama ntirimuka ;
Akira aka kaboko nguhaye se Mawe,
Ni wewe ugafata ubu n’imyaka yose. (2x)
Inscrivez-vous au blog
Soyez prévenu par email des prochaines mises à jour
Rejoignez les 11 autres membres