La Chorale les Séraphins

Paques 2011

ENTRÉE                                                                                                               

 

 Yazutse mubapfuye

 

  R/ Yazutse mu  bapfuye, Umukama ntakiri mu mva

        Yazutse mu  bapfuye  turirimbe  Alléluia

 

1. Ubu kw’ isi yōse nakanyamuneza    

Kubera intsinzi ya Pasika

Abakristu bōse barahimbawe                                             

R/…………

 

2. Mu makungu yōs’ impundu zirayaga

Kubera intsinzi ya Pasika           

 N’ abamalayiika baravuza inzamba

 Kubera intsinzi ya Pasika,

R/………..

 

3. Abatumwa b’Ūmukama ni mutambe

  Kubera intsinzi ya Pasika                        

  Abakund’ Imāna nimuter’ impundu

Kubera intsinzi ya Pasika

R/…………

 

4. Umuc’ urasāgiriy’ abantu bose

Kubera intsinzi ya Pasika                                           

Vuz’ ingoma yēmwe tuvyine amayaya                           

Kubera intsinzi ya Pasika

R/………..

 

 

KYRIE

Utubabarire

Mana Data, utubabarire (2x)

Utubabarire,eh eh eh (3x

 

(Kristu), Kristu wacu, utubabarire

Utubabarire, eh eh eh(3x)

 

Mana Data, utubabarire

Utubabarire,eh eh eh (3x)

 

 

 

*********************************

 

GLORIA

Gloria Imana ininahazwe.

R/ Gloria, Gloria, Gloria

Iman’ininahazwe,’kw’isi haz’amahoro kubantu bakund’imana.

 

1/ Turaguhaya, turakuyaga

Turagusenga, tukuninahaza

Turakenguruts’ubu n’imyaka yose

 

2/Mucunguzi ninde,n’umwana w’Imana

Yatuzaniy’iki, yazany’amahoro

N’ubuzima buki, bw’imyaka yose

 

3/Mutima Mweranda, nawe n’umuhoza

Yatuzaniy’iki, yazany’amahoro

N’ubuzima buki, bw’imyaka yose

 

4/ Kristu Mukama, umwana w’Imana

Turakwituyeko, Udushigikir’

Ubu n’imyaka yose

 

 

 

MÉDITATION (1)

Ntakikunanira Yezu we.

 

Abansi ba Yezu Kristu, Alleluia

Bari bagize ngo napfe, Alleluia

 

R/ Ntakikunanira Yezu we, Yezu we

Unesh’urupfu

 

Ngo ahora atuk’Imana, Alleluia

Yigira nk’umwana wiwe, Alleluia

R/…

 

Barafata barabamba, Alleluia

Baramwica bamuvuma, Alleluia

R/…

 

Yarapfuye barahamba, Alleluia

Ngo barakuy’ikinyoma, Alleluia

R/…

 

Nah’apfuye bamutinya, Alleluia

Ngo kumbure yogaruka, Alleluia

R/…

 

 

 

 

 

MÉDITATION (2)

Glory, Glory Alléluia

 

R/Glory, Glory Alleluia ! Glory, Glory Alleluia !

Glory, Glory Alleluia :Jésus-Christ est vivant

 

1.Voici que le jour se lève au bout de la longue nuit,

La vie fleurit sur la tombe que la haine avait creusée,

L’Esprit Saint nous met en marche pour aller dire aux amis :

Il est ressuscité !

 

2.Ce Jésus qui, sur nos routes, passait en faisant le bien,

Ouvrant son cœur aux détresses, accueillant les rejetés ;

Il est mort sous la torture, mais nous en sommes témoins :

Il est ressuscité !

 

3.Celui qui fut, par ses gestes, par ses paroles et sa vie,

Le visage et la présence de son père bien-aimé,

Dieu l’a fait Seigneur du monde. A sa droite Il est assis.

Il est ressuscité !

 

4.  Il devient la clé de voûte sur laquelle tout s’appuie.

Alors qu’Il était la pierre que les hommes ont rejetée,

Il nous fait pierres vivantes de son royaume de vie.

Il est ressuscité ! 

 

 

ACCLAMATION

 

Kristu yatsinze urupfu, 

Kristu ni muzima,

Kristu yinjiye mu mva atabarukan'jsheja ashoreye imbohe zose

 

R/ Alle, Alle

Alleluia, Alleluia, Alleluia, Alleluiaaa

Alleluia, Alleluia, Alleluia, Alleluia

 

2. Kristu amaze gutanga

Shetani yakubise agatwenge

Yibwira koo Yez' atazongera kwamamaz' inkurunziza

R/ 

 

3. Dukund' umwana w’ Imana

Dukunde nyir’ ibitsindo

Dukunde uw' indushyi zihora Ziririmba kuko yazicunguye

 

R/

 

 

CREDO

Ndemeye.

 

R/ Ndemeye, Mukama, Ndemeye

Nyongererez’ukwemera kwanje

(Bis)

 

1. Ndemeye Mana Data : Ndemeye

Yaremy’ijuru n’isi : Ndemeye

Ndemeye Yezu Kristu : Ndemeye

Wekinege ca Data : Ndemeye

 

2. Ndemeye na Mutima : Ndemeye

Mweranda w’Imana : Ndemeye

Ndemeye n’Ekleziya : Ndemeye

Katolika nyeranda : Ndemeye

 

3.Ndemeye ibatisim’imwe : Ndemeye

Itugira bashasha : Ndemeye

Ndemeye n’isangira

Ry’aberanda bose : Ndemeye

 

4. Ndemeye n’ikigongwe, Ndemeye

Kigirigw’abacumuzi, Ndemeye

Ndemeye n’ubuzima : Ndemeye Buzokurira, Ndemeye

 

INTENTIONS

Turasireko

Turasirek’umuco w’imbabazi zawe

Turagusavye mukama twumvire

 

 

OFFERTOIRE

Kunda Mukama…

 

Nta shimwe tworonka rikubereye (2x)

Kukw’ivyiz’uturonsa ni vyinshi.

Kunda Mukama Mana utwakire (2X)

Wakire n’agashikanwa twaronse.

 

1/ Uyu mukate Mukama, tuguhaye

N’uyu muvinyu Mana n’uwakire

 

2/ Aba bavyeyi Mukama, tuguhaye

N’ibi bibondo Mana n’uvyakire

 

3/Aba bagwaye Mukama, tuguhaye

N’aba bagowe Mana n’ubakire

 

4/ Ubu Burundi Mukama, tuguhaye

N’iyisi yose Mana n’uyakire

 


 

SANCTUS

R/ Yo mosantu, yo monsantu, mosantu eee, mosantu (2x)

 

1. Banzelu bakoyemba, Mosantu

(2x) +R/

 

2) Basantu bakoyemba, mosantu

(2x) +R/

 

Bisso na mokili tokoyemba, hosanna eee, olikolo! (2x)

 

R/Oh Hosanna, oh Hosanna, hosanna eee, olikolo (2x)

 

 


ANAMNESE

 

H : Ne vous laissez pas tromper, par les rois des temps obscurs, vous avez reçu le sauveur, c’est Jésus Christ.

 

F : Il a été crucifié, mais il est ressuscité, le premier né d’entre les morts, c’est Jésus Christ

 

Tous : Oui, il est vivant le Seigneur, le Seigneur, oui il est vivant Jésus Christ.

Il était mort pour nos péchés, maintenant, nous sommes sauvés.

 


COMMUNION

I. Muze turirimbir’Imana yacu

 

R/ Muze turirimbir’Imana yacu, tuyigine kuko yaducunguye,

Yatanz’umwana wayo ngw’adupfire, non’ubu yazutse, Alleluia

 

1/ Bari baramubamvye, Alleluia

Arapfa barahamba, Alleluia

None yazutse

R/

 

2/ Barungits’abarinzi, Alleluia

Bacung’imva ya Yezu, Alleluia

Bib’ivy’ubusa

R/

 

3/ N’umwam’asumba bose, Alleluia

Kuko yatsinz’urupfu, Alleluia

Ooooh, yazutse

R/

 

4/ N’umukiz’adukunda, Alleluia

Yadupfiriye twese, Alleluia

Ooooh yazutse

R/

 

5/ Imvyino be n’intambo, Alleluia

Mw’ijuru be no kw’isi, Alleluia

Kuko yazutse

R/

 

6/ Dukom’amashi twese, Alleluia

Dushengerer’umwami, Alleluia

Kuko yazutse

R/

 


II. Umukama Yezu yatsinze urupfu

 

1.Umukama Yezu yatsinze urupfu (H : Ni muzima)

  Yatsinze abamenja, ni tumuhaye

  Bari bamubamvye  bishimiriza

 Bati yemwe bane ntakigaruka                  

 

R/ Alleluia ni tunezerwe Yezu yarazutse

       Alleluia muze tunezerwe                              

 

2. Abagore beza bavyutse kare    (H: Bazindutse)                                      

    Batwaye utumoga mu dukarabo                                  

    Bakagir’ ubwoba bakabazanya             

    Bati mbega ni nde atwugururira             

R/………….

 

3. Bapfayo kugenda mu kwizigira  (H : bashitseyo)                                      

    Bashitse basanga umumaliyika             

    Yicaye iruhande ya ca kibuye

    Baca baratinya bigirinyuma                 

 

R/………….   

 

4. Wa mumalayika abahumuriza (H : avuga ati)

      Ati mwa bagore murondera nde           

      Murondera Yezu yahambwe hano

      Yezu yarazutse Alleluia                              

 

 


ACTION DE GRACE

I.  Sanganira intsinzi y’Umukama

 

1. Kristu yazutse tumwigine/  Sanganir’intinzi y’umukama

Ni muzima tunezerwe / Sanganira intsinzi y’Umukama.

 

R/Alleluya, yazuts’Alleluya, Alleluya,

Alleluya, Alleluya, Alleluya !

 

2. Yari yabambwe n’abans / Sanganira intsinzi y’Umukama.

   Bamubamvye ku musaraba / Sanganira intsinzi y’Umukama

 

3.    Yezu yiyeretse ab’iwe           : Sanganira intsinzi y’Umukama.

   Ni Nyen’intsinzi n’inganji     :      Sanganira intsinzi y’Umukama

 

4.    Ati nimugire amahoro           : Sanganira intsinzi y’Umukama.

   Ntimutinye natsinze urupfu       :      Sanganira intsinzi y’Umukama

 

5.   Nyen’ingoma, Nyen’ubuzima  :    Sanganira intsinzi y’Umukama Nyen’inganji, Nyen’amahoro:      «          Sanganira intsinzi y’Umukama

 

6.   Watsinze abansi n’urupfu        :    Sanganira intsinzi y’Umukama.

 Ganza, sabwa turakwemeye    :               Sanganira intsinzi y’Umukama

 

*******************************

 

 

 

 

 

 

 

 

II. Nzohaguruka ndirimbe.

 

R/ Jewe nzohaguruka maze ndirimbe, ndirimbir’Imana (2x)

Ntambe, ntambe niyereke, ndayiririmbe rirenge.

Ndayiyage kukw’ihambaye,

Ntayindi Mana ihwanye nayo.

 

1. Mukama nzama ndakuririmba iminsi yose y’ubuzima bwanje

Nzama nshimagiz’izina ryawe kukw’atawund’ahwanye nawe Mana

 

Kukw’ivyiza wam’undonsa Mana ni vyinshi cane ntako nobivuga

Kukw’iteka wanteye Mana risumb’ayandi mateka yose

 

2. Nzama mpimbaz’Imana yanje nshemez’izina ryayo rudasumbwa,

N’ibiremwa vyose yiremeye ntibizotangwa kuyishimagiza

 

Majuru musamiriz’impundu abana bayo bayiririmbire

Inyamaswa ziyitambir’ibiyag’imisozi vyiyereke.

 

3. Umutima wanje uzam’ushima Imana yanje iminsi yose,

Igihe cose nzoba nkiriho sinzatinya kuyishingir’intahe,

 

Umutima wanje ntuzoreka gushim’ubwiza n’ubuntu bw’Imana

Ururimi rwanje ruzama ruyag’ishimwe ry’Imana yanje.

 

 

 

 

 

 

SORTIE

Ng’iz’impundu, Mariya

  1. Akir’impundu, Muvyeyi Bikira Mariya,

Akir’impundu z’abana bawe,

Mwamikazi w’ijuru n’isi, turagushemeza (2x)

 

R/  Hu-hu-hu-hu-hu Huuu… (4x)

Ngiz’impundu, Mariyaaa (4x), (Nyina wa Jambo).

 

2.Uragasangw’iteka, Muvyeyi Bikira Mariya,

Uragasangw’iteka watewe n’Imana.

Mwamikazi w’ijuru n’isi, turagushemeza. (2x)

 

3.Aberanda bose, Muvyeyi, baratamarirwa.

Abamalayika bama bakuririmba,

Kubera iryo kuzo watewe n’Imana. (2x)

 

4.Nkundira ndagusabe, Muvyeyi Bikira Mariya,

Nkundira ndagusabe watowe n’Imana,

Mwamikazi w’ijuru n’isi, turagushemeza. (2x)

 

5.Mpangaza, Muvyeyi, ubu nkiri hano kw’isi,

Nkingira se Mawe wa mwansi shetani,

Mwamikazi w’ijuru n’isi, turagushemeza. (2x)

 

6.Mbogora, Muvyeyi, aho nama ntirimuka ;

Akira aka kaboko nguhaye se Mawe,

Ni wewe ugafata ubu n’imyaka yose. (2x)

 

 



16/02/2012
0 Poster un commentaire

Inscrivez-vous au blog

Soyez prévenu par email des prochaines mises à jour

Rejoignez les 11 autres membres