Sortie: Chants à la Vierge Marie
Gumana natwe
Gumana natwe
Gumana natwe, Muvyeyi mwiza
Komez’utuyobore, Nyina wa Jambo
Kuk’ariwe wasuy’Uburundi,
Gushik’umuns’uzaz’udusanga
Wasuy’abavyeyi, wasuy’abavyeyi barishima we,
N’aho bakubitwa bakanatotezwa,
Ntabwo bazaheb’izina ryawe,
Gushik’umuns’uzaz’ubasanga
Wasuy’ibibondo/ abakristu/abagowe/ abarushe/ ababoshwe/ Chorale/...
**************************************
Ibisiza n'imisozi
R/ Ibisiza n’imisozi bitaratangira kuremwa,
Imana yari igufite, mu bitekerezo byayo. (Mariya we)
1/ Uri nyēn’Imana nzima, ur’indaanga ya Rugira,
Wewe mwēne Nyen’inganji
Winywaniira n’Imana nzima. (Mariya we)
R/
2/ Bose baarakwita Mvyeyi, y’abakuuru n’abato bose,
Bose baarakuninahaza,
Kuko waahebuje bose. (Mariya we)
R/
3/ Muc’ uturuka kwa Yõhakimu, kaze raabiro ry’abeza, Ry’ingoma yo kwa Dawidi Urut’aabamikazi bose. (Mariya we)
R/
4/ Mwaamikazi wo mw’ijuru,
Wa mugore uk’usa nyene,
Ntusa n’Imana, ur’ikiremwa,
Yaamara ntusa natwe. (Mariya we)
R/
5/ Hinge ndaabe Imakurata, we wasaamye atagicumuro,
Mwamikaazi waa Africa,
Rugori rwera, Muvyeyi. (Mariya we)
R/
*********************************************************
Mariya mawe …
R/ Mariya Mawe uri mwiza cane
Nashaka ko iminsi yose nokwama
Nicaye mu birenge vyawe maze mbaz isanamu
(Yanje) yanje gushik`ise nawe
1. Habonets’ikimenyet’ umugore yikwij’izuba
Ukwezi nakwo kwari munsi y’ibirenge vyiwe
Kumutwe yar’afis’urugori rw’inyenyeri
(Zari) zar’icumi na zibiri
2. Ilisi ryera ryerand’Imana yaramutoye
Ng’ab’ingorore nziza cane y’umwana wayo
Yagumany’ubweranda kuva atangura kuremwa
(Gushi) gushik’umunsi wanyuma
****************************************
Mbega Mawe
R/ Mbega mbega Mawe twogushimira gute
Mbega mbega Mawe twoshima gut’ivyiza vyawe
1/ Ntanumwe azi gushima
Kiretse wewe nyene Mawe
Hamwe kwa Elizabeti
Wakengurutse Mana Data
2/ Washatse ko dusa nawe
Mukuza hano hagati yacu
Dushimy’ ivyiz’uduhaye
Dushimye n’ubutore bwawe
3/Twoguherej’imibiri yacu
None yuzuy’ubukoko
Twoguherej’imitima yacu
None yuzuy’ amahwa
4/Twoshikany’Uburundi bwacu
None bwuzuy’amarira
Twoshikanye iyisi yose
None yuzuy’umuriro
5/Aho Yezu yabambwa
Yabwiye Yohan’ ati:
Yohani ng’uyo nyoko wawe
Mariya ng’uy’umwana wawe.
****************************************
Nyambik’umutamana Mariya
Nyambik’umutamana Mariya mbon’ubwiza bwawe
1/Abakristu bose babon’ubwiza bwawe / Nyambik’umutamana Mariya mbon’ubwiza bwawe
Abavyeyi, Mawe babon’ubwiza bwawe/ Nyambik’umutamana Mariya mbon’ubwiza bwawe
Ibibondo vyawe bibon’ubwiza bwawe/ Nyambik’umutamana Mariya mbon’ubwiza bwawe
R/ Abana bawe (Mariya), bashogomanga(Mariya), imbere yawe( Mariya),
Babon’ubwiza bwawe,
Nyambik’umutamana Mariya mbon’ubwiza bwawe
2/Abagowe Mawe babon’ubwiza bwawe/ ***
Abarwaye Mawe babon' ubwiza bwawe/***
Abatakuzi bose babon’ubwiza bwawe/***
R/
3/Abari ngaha bose…
Na chorale Mawe,…
N’isi yose, Mawe ibon’ubwiza bwawe
Inscrivez-vous au blog
Soyez prévenu par email des prochaines mises à jour
Rejoignez les 11 autres membres